Kenya : ibintu ntibigiye kworoha Raila Odinga avuga ko atazosabikanya ubutegetsi n’abayoboke ba Uhuru Kenyatta

Raila Odinga avuga ko abayoboke ba Uhuru Kenyatta ari abasuma, ari naco gituma atsinze amatora azosubirwamwo, ata kibanza azobaha muri Reta.

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya amenyeshako mu gihe Uhuru Kenyatta yariko yifatira mu gahanga sentare ntahinyuzwa ku ngingo iheruka gufata yo kugwiza n’ubusa ivyavuye mu matora, yari yatsinze,Uhuru Kenyatta nawe nyene yamenyesheje ko umugambwe wiwe Jubilee ushobora kutazosabikanya ubutegetsi n’abatavugarumwe nawe niyo yongera gutsinda ayo matora .

Mwomenya ko Raila Odinga yabishikirije inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa yo muri Kenya igwije n’ubusa ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze aho yamenyesheje ko ayo matora yaranzwemwo utunenge.

Publicités