Burundi: Ukwimura abigisha vyateye impari

Abigisha barindiriye kwakirwa ngo bashikirize ingorane zabo

Abigisha bo mu mashule y’intango basabwa kwuzuriza aho badakwiye, baridogera ubutegetsi ku kuntu ico gikorwa cagenze bavuga ko ata muco wakiranzwemwo.

BBC yaraganiriye n’ abigisha yasanze imbere y’ubushikiranganji bw’indero, baje gusaba ko botunganirizwa.

« Nararenganijwe, iyaba bakurikije neza ibifatirwako jewe nari kwemera nkagenda iyo bandungitse, none ntivyakurikijwe neza », nikwo umwe mu bigisha yakuwe Bururi arungikwa mu kayogoro Makamba avuga.Abo bigisha bavuga ko hari ibitegekanijwe kubanza kwihwezwa, imbere yuko umwigisha akugwa kw’ishule yariko.

Murivyo harimwo imyaka y’umuntu, uburambe, igitsina n’ibindi.

Bamwe mu bigisha baje kwitura ubushikiranganji bavuga ko bitakurikijwe.

« Maze imyaka 18 mu kazi ariko nagiye mbona ndi ku runtonde rw’abarungitswe ahandi kandi aho navuye hasigaye imisore n’inkumi ata n’uburambe bw’imyaka itanu bafise », nikwo umwe muribo yavuze.

Abandi basigura ko bafise imvo z’umwihariko, zituma batova aho bahora canke ngo baje kure yaho.

Umusore akora yiga kw’ishule ry’ivy’intwaro « Ecole Nationale d’Administration » (ENA) i Bujumbura avuga ko atarakwiye gukugwa mu gisagara ca Bujumbura.

« Bandungitse muyindi ntara kandi nsanzwe nigira Bujumbura, simbona ingene ngiye kubandanya amashure ».

Victor Ndabaniwe arongoye umugwi ujejwe gukwiragiza abigisha aho batari, yemeza ko igikorwa cakozwe neza kandi ko bose bagishijwe inama.

Ahanini ngo hakosowe amakosa yahora yibonekeza, aho avuga ko hahora hatangwa intonde zitari iz’ukuri, ko kenshi ayo makosa yahora akorwa n’abayobozi b’amashure.

Abigisha bafise imyaka 55 n’iyirenga, abigeze kuzezwa amabanga akomeye, n’abafise ubumuga buboneka ku jisho ntibarabwa n’iyi ngingo.

« Ubwa mbere twabanza kurungika abasore n’inkumi, hama tukarungika abagore ari ukwo abagabo baheze », nikwo Victor abisigura.

« Mu nyuma twaca turaba uburambe kw’ishure no mu kazi, hama hagakurikira kwihweza imyaka umuntu afise ».

Igikorwa cahereye ku bigisha bakora kuva mu myaka ya mbere gushika mu ya 6 mu mashure y’intango, akeneye abigisha 5200.

Amashure yisumbuye akazokurikira mu misi ya vuba.

Abigisha 3200 nibo bamaze gukwiragizwa mu mashule adafise abadakwiye, ubushikiranganji bukaba bufise umugambi wo gutanga akazi ku bandi 2000 basigaye.

Publicités