Burundi: Abantu babiri bishwe bazira amatati y’amatongo

Abantu babiri biciwe ku musozi wa Muyange zone Mubira ku metero 300 uvuye ku muhana wabo

Abantu babiri baraye bishwe uwundi umwe arakomeretswa bikomeye ku mutumba Muyange zone Mubira komine Butezi iri mu ntara ya Ruyigi.

Abo bantu bose ukwo ari batatu ni abo mu muryango umwe.

Uwakomeretse ni umugabo yitwa Samuel Ntirampeba samuel, abitavye Imana na bo ni umuhungu wiwe hamwe n’umukazana.

Bategerewe n’umugwi w’abantu bataramenyekana igihe c,’isaha zine z’ijoro ku metero amajana atatu uvuye ku mihana iwabo.

Abanyagihugu bo ku musozi Muyange baciye bagirishwa inama vyihuta y’umutekano

Amakuru ava ku mutumba Muyange avuga ko ubwo bwicanyi bwoba bushingiye ku ndyane z’amatongo.

Mu ndwi iheze, sentare nkuru ya Ruyugi yari yasomye urubanza rw’amatongo ruhuza uwo Samuel Ntirampeba n’imiryango 900 yo kuri uwo mutumba muyange.

Urwo rubanza rushinga ko iyo miryango yose igizwe n’abantu bagera ku bihumbi 10 ko bokinjura muri iryo tongo ringana n’ibirometero kwadarato 9.

Image caption

Inama y’umutekano yagirishijwe n’abategetsi batandukanye harimwo umukuru wa sentare ntahinyuzwa Nkezabahizi Francois hamwe na Jocky chantal Nkurunziza icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka

Abategetsi batandukanye harimwo umukuru wa sentare ntahinyuzwa hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka bagirishije inama y’umutekano abantu baba kuri uwo mutumba.

Burundi: Ikibazo cy’amatongo muri MakambaKu musi wa mbere imiryango y’abantu basabwe kuva muri iryo tongo baragize imyiyerekano imbere y’ibiro vya commune Butezi basaba ko urwo rubanza rufutwa.