Israel-Syrie:Indege za Israel zateye ngo ahari ibigwanisho vy’ubumara muri Syria

Igisirikare ca Syria kivuga ko izo ndege zishe abasirikare babiri, mu gihe inkuru zavuga ko zatumbereye ahahingurirwa ibigwanisho vy’ubumara.

Itangazo rya gisirikare rivuga ko ibisase vya rokete vyatewe biva muri Liban vyateye ico kibanza cegereye Masyaf, bihitana abasirikare babiri.

Inkuru y’ikinyamakuru c’abarabu itaremezwa neza ivuga ko ikigo gihingurigwamwo ibigwanisho vy’ubumara ari co catewe.

Israel imaze kugira ibitero bitari bike rwihishwe muri Syria, nta co irabivugako.

Ivyo bibaye inyuma y’umusi umwe gusa abagira amatohoza ba Onu bavuze ko basanze Syria ari yo yagize igitero c’ibirwanisho vy’ubumara vyahitanye abantu benshi mu karere kari kigaruriwe n’abagwanyi mu kwezi kwa kane.

Abantu boba bashika 38 barapfiriye muri ico gitero c’i Khan Sheikhoun nk’uko bivugwa na Onu.

Syria iguma ihakana ko ikoresha ibigwanisho vy’ubumara.

Iperereza rya Buraya rivuga ko Syria kibandanya gukora ibirwanisho vy’ubumara mu bibanza bitandukanye harimwo i Masyaf, kirenze ku masezerano yo mu 2013 yo kubisambura.

Israel yama igira ibitero vy’indege rwihishwe mu gihugu ca Israel muri iyi myaka ya vuba.

Israel yagiriza Syria ko yahaye ikibanza igihugu ca Iran co kwubakamwo amahinguriro ya misile kandi ko bashaka kurungikira ivyo bigwanisho abagwanyi ba Hezbollah muri Liban.