Bujumbura : Abakenyezi biyamirije icegeranyo c’abahinga ba ONU

Ico cegeranyo c’akozwe n’umurwi w’abahinga batatu b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU giherutse gusohoka, cerekanya ko hari ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi,kigasaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI gutanguza amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Abo bakenyezi bagizwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka,hamwe n’abandi bakenyezi bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira hagati mu gisagara ca Bujumbura,ari naho batanguriye urugendo.

Bimwe mu vyandiko bari bitwaje vyavuga biti : ’’Ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi rirateye ivyatsi ayo marementanya akorerwa igihugu cacu n’akarwi ka ONU biboneka yuko bakibandanya wa mugambi wabo ugayitse ku gihugu cacu,mu gutanga ama raporo y’ibinyoma nkuko bagiye barabikora”.

Ibindi vyandiko vyavuga biti : “Abakenyezi twese hamwe mu bwoko bwose turiyamirije amabi aremekwa igihugu cacu ,nta honyabwoko ririko rirategurwa mu Burundi”.

Tubibutse ko icegeranyo ca ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi giheruka gusohoka casaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye CPI gutanguza amatohoza ku bugizi bwa nabi hamwe n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ko ridashigikiye ko amatohoza atanguzwa ku bategetsi bamwe bamwe b’Uburundi.

Muri Reta y’Uburundi, bagumye bamenyesha ko batazokwigera bemera ivyo vyegeranyo kuko birimwo ibinyoma, kandi bikorwa uruhande rwa Reta rutabajijwe.

Publicités