Abanywanyi ba CNDD FDD muri Suède bavuga ko ibiganiro vyotunganwa hisunzwe ubwigenge bw’Uburundi

Mw’itangazo ryosohowe n’abanywanyi ba CNDD FDD muri Suède, bamenyesha ko abahinga ba ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu bakoreye ku makuru atariyo, kubera batumvirije inzego z’Uburundi.

Muri iryo tangazo bagira bati : « Igitangaje ahubwo iyo komisiyo yikoranira gusa n’abashatse gutembagaza Leta yatowe n’abenegihugu kw’igenekerezo 13 Rusama 2015, ari nabo bamatanye n’uruhande gw’abatavuga rumwe na Leta co kimwe na ya mashirahamwe yiyita ko adaharanira iinyungu za politike. »

Muri uwo mugambwe CNDD FDD muri Suède bavuga ko bashigikiye ivyavuzwe na Smail Chergui, bakiyamiriza ibihugu bimwe bimwe bagiriza ko bitubahiriza ubwigenge bw’Uburundi na Afrika.

Kuri ico kibazo, iryo tangazo ryateweko umukono na Macaire Bacamugwanko, Umunyamabanga ntunganyabikorwa vya CNDD-FDD muri Suède, rivuga riti : « Babona ko abanyafurika tudashobora kwitorera indongozi twishakira, nuko tudashobora kwitorera inyishu mu gihe hari utugorane twadutse. Ninaco gituma dushigikiye ivyo nyakubahwa Smail Chergui aheruka kuvuga ku vyerekeye u Burundi, aho ahamagarira ibihugu n’amashirahamwe bigomba kwivanga mu ngorane zacu gukuramwo akarenge. Turashimira cane ibihugu bigize Ubumwe bw’Afrika, vyo vyemera kandi bikemanga ko ”INGORANE ZA AFRIKA ZOTORERWA UMUTI MURI AFRIKA,” kizira ko Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya biza birisuka mu bitabaraba ngo baje gucungera amatora muri Afrika ; kuko nabo barategura amatora kandi bakemeza ivyavuyemwo Afrika idashizemwo akarenge. »

Abari mu mugambwe CNDD FDD muri Suède basaba ibihugu bihurikiye mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, hamwe n’Ishirahamwe rya ONU gutangura ibiganiro hisunzwe Ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi.

Publicités