
Nk’uko bivugwa n’abegereye ahakorera ico gisata ca ONU kiri muri zone ya Rohero (Office du Haut Commissaire des Droits de l’Homme au Burundi), amasasu atari make yarumvikanye muri ico kibanza mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri.
N’aho mu giporisi c’Uburundi bavuga ko batazi ivy’ico gitero, amakuru dufise amenyesha ko abateye aho hakorera igisata ONU binjiye mu biro.
Ntiturashobora kumenya ivyoba vyononekariye muri ayo masasu, hamwe n’ivyo abo bateye boba bagiye batwaye.