Abanyezamu babiri bafashwe mu matohoza y’igitero cabaye ahakorera ONU i Bujumbura

Amakuru atangwa n’abegereye ahakorera igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (Office du Haut Commissaire des Droits de l’Homme au Burundi) avuga ko ico kibanza catewe mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri n’abantu bataramenyekana barashe amasasu atari make muri ico kibanza.

Amakuru yemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko abateye binjiye mu biro vy’ico gisata ca ONU, ariko ivyoba vyononekariye muri ayo masasu, hamwe n’ivyo abo bateye boba bagiye batwaye ntibiramenyekana.

Publicités