Gitega : Ibiziga bibiri vyatowe

Ico kiziga ca mbere c’umugabo bivugwa ko urupfu rwiwe rwoba rufitaniye isano n’ubupfumu, kuko yari yambaye ibiheko, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bamubonye.

Ikiziga ca kabiri catowe mu ntara ya Gitega ni ic’umugore basanze amanitse ku mugozi mu nzu yahora abanamwo n’umugabo wiwe. Uwo mugabo yafashwe ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi mu ntara ya Gitega babimenyesha.