Korea ya Ruguru yateye igisasu hejuru y’Ubuyapani

Umuntu yirenganira, i Tokyo, araba amakuru avuga ko Korea ya Ruguru yateye « missile »

Korea ya Ruguru yateye igisasu hejuru y’Ubuyapani, ituma havyuka urundi ruhagarara mu karere, mu gihe hari haheze indwi zibiri igerageje ikindi kibombe co mu bwoko bwa « nucléaire ».

Iyo « missile » yageze ku burebure bw’ibirometero 770 mu kirere, igenda ibirometero 3700 imbere yuko igwa mu kiyaga ca Hokkaido, nkuko igisirikare ca Korea Yepfo cavuze.

Yageze kure cane mu kirere, igenda n’uburebure burusha ubw’iyari yatewe hejuru y’Ubuyapani mu kwezi guheze.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko igihugu ciwe « kitazigera cihanganira » ako gasomborotso.

Korea Yepfo nayo yaciye yishura kur’ico gitero, irasa « missiles » zibiri mu kiyaga.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika, Rex Tillerson, nawe nyene yaneguye iraswa ry’ico gisasu, akanama kajejwe umutekano ka Onu kakaba gategekanya gukorana ku wa gatanu ku mugoroba i New York, bisabwe na Amerika n’Ubuyapani.

Korea ya ruguru yiyamirije ibihano bishasha vya Onu

Korea ya Ruguru itunze « missiles » z’ubuhe bwoko?

« Missiles » Korea ya Ruguru