Sylvestre NYANDWI asaba ko atawokwihutira kwagiriza ku vyabaye ahakorera ONU

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kane, Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika avuga ati :

« Mw’ijoro ryo kuwa 12 rishira uwa 13 Nyakanga 2017, abantu batandatu bataramenyekana harimwo umwe yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, bakoresheje imfunguruzo za magendu bari bazanye, barinjiye ku nguvu mu biro vy’ishrahamwe mpuzamakungu ONU, igisata kijejwe agateka ka zina muntu, kw’ibarabara ryitiwe Mugamba muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura. »

Nk’uko bishikirizwa na Sylvestre NYANDWI, abo bantu batanguye kwugurura umuryango mukuru uri kw’irembo babanje kuboha abari bacunze ivyo biro mu nyuma barahava binjira mu biro.

« Amatohoza rero akaba abandanya kugira abo bagizi ba nabi bamenyekane hamwe n’intumbero bari bafise. »

Mu matohoza ariko akorwa n’ubtungane, abanyezamu babiri bakora kuri ivyo biro vya ONU bari mu minwe y’igiporisi, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi agasaba ko atawokwihutira kuvuga ko ababibikoze ari aba canke bariya, canke kuvuga intumbero bari bafise, mu gihe amatohoza agikorwa.

Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba umuntu wese yoba afise inkuru ku vyabaye kuri ivyo biro, ko yoyishikiriza igiporisi.

Publicités