
Mu gisagara ca Geneve, impande zose ziriko zirondera abazishigikira, mu gihe ico cegeranyo cokwemezwa, Sentare mpuzamkungu mpanavyaha igashobora kuzoca isohora imitahe mpuzamakungu ihagarika abagirizwa amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015.
Abahinga ba ONU bakoze ico cegeranyo ku gateka ka zina muntu mu Burundi barashikiriza icegeranyo bakoze, kivuga ko ubwicanyi hamwe n’amabi atandukanye vyakozwe mu Burundi mu 2015.
Uburundi bwiteze ko ico cegeranyo kitokwemezwa, mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko CPI yotanguza amatohoza mu Burundi.
Muri iyo nama, Reta y’Uburundi yaserukiwe Martin NIVYABANDI umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Jacques BIGIRIMANA umukuru w’umugambwe FNL, hamwe na Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru wa CNIDH.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yaserukiwe na APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT, hamwe na OLUCOME.