Gitega : Umugabo yagirizwa ubusuma yishwe n’abaporisi

Uwo yishwe azwi kw’izina rya Musa NDAYARINZE, akaba yarasiwe hafi y’inzu y’ubunywero, muri karitiye ya Musinzira iri mu ntara ya Gitega.

Abegereye aho vyabereye bemeza ko uwo mugabo yariko agerageza kwiba umudandaza yari yategereye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, aca araswa n’abaporisi bari begereye muri ico kibanza.

Publicités