Ijambo ry’Imana ni itara ry’ibirenge vyacu kugira tugende ahabona.

🌈IVY’UKUGAMBURUKIRA ABATUGANZA.🌈ABAROMA 13:1_2_3_4_5_6_7.

1.Umuntu wese n’agamburukire abamuganza:kukw atakuganza kutava ku MANA,ukuriho kwagezwe ‘nIMANA.

2.Ni co gituma,ugabagabiye uganza aba agabagabiye icagezwe n’IMANA:kand’abakigabagabiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza.

3.Kubw abaganza atar’abateye ubwoba k’ukora iciza’shit’ukora ikibi.uragomba kutagirira ubwoba uganza?Kora neza,azogushima.

4.Kukw ar’umukozi w’IMANA kubwawe,ngw akuzanire ivyiza.Ariko ni wakora nabi,ugire ubwoba,kukw atambarira inkota ubusa,kukw ar’umukozi w’IMANA,umuhozi ashitsa uburake k’ukora nabi.

5.Ni co gituma ukwiye kugamburuka,atari kubwo kurakirwa gusa’ariko no kubw’ijwi ryo mu mutima.

6.Ni co gituma kandi mutanga ikori;kukw abaganza ar’abakozi b’IMANA,bashishikarira ico gikorwa nyene.

7.Muhe bose Ivyo. Bakwiye; abahabwa ikori mubahe ikori;ababuguza mubabugurire;abogutinywa mubatinye;abo kwubahwa mububahe.🙏AMEN🙏