Uburundi bwashimiye ibihugu vya Afrika kiretse Urwanda na Botswana

Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza kandi ingingo (Résolution) yashikirijwe n’ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya, nk’uko bivugwa na Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatunganije iyo myiyerekano yabereye mu gisagara ca Bujumbura, mu kibanza citiriwe ukwikukira.

Abari bitavye iyo myiyerekano bari bitwaje ivyandiko vy’ugushimira ibihugu vya Afrika vyashigikiye Uburundi. Muri iyo myiyerekano, biyamirije igihugu c’Urwanda na Botswana bavuga ko bitashigikiye Uburundi.

Therence NTAHIRAJA, mw’ijambo yashikirije abitavye iyo myiyerekano yagize ati : « Kwari ugushimira benewacu bo muri Afrika, bamaze gutahura. Ibihugu vyose vya Afrika biri muri irya nama nkuru ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU, uretse Urwanda na Botswana, nta kindi gihugu ca Afrika cashoboye kwemera ivyo bintu bariko barementanya ku Burundi. »