Kenya: kaminuza ya Nairobi yugawe kubera umutekano muke

Bamwe mu banyeshure bo kuri iyo kaminuza ya Nairobi baragize imyiyerekano yo gusaba ko Babu Owino arekurwa ku wa kane w’indwi iheze.

Kaminuza ya Nairobi yugawe mu gihe kitaramenyekana kubera ivyo abategetsi bayo bavuga ko ari kubera umutekano muke uharangwa.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’imisi itari mike hari ukurabana nabi no gutana mu mitwe hagati y’abanyeshure n’igipolisi mu kigo c’iyo kaminuza.

« Abanyeshure bose basabwe kuva mu vyumba vyabo imbere y’isaha zitatu zo mu gitondo, » ni ko itegeko bahawe rimeze.

Igipolisi cinjiye muri iyo kaminuza batana mu mitwe n’abanyeshure bari mu myiyerekano bashavujwe n’ifatwa ry’uwahoze abarongoye , Paul Ongili, azwi kw’izina rya Babu Owino.

Raila Odinga yemeye kwongera guhiganwa mu matora ya Kenya

Owino ubu ari umushingamateka w’akarere ka Embakasi mu buseruko bw’igisagara ca Nairobi, yafashwe yagirizwa gutuka prezida Uhuru Kenyatta.

Munyuma yagirijwe kandi gukubita umuntu yari yitavye amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’umunani.

Yarekuwe arinze gutanga ingwati.

Igipolisi gihanganye n’abanyeshure bari mu myiyerekano ejo ku mugoroba

Abanyeshure 26 bakomeretse, video zashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi zerekana abapolisi bariko barirukana abanyeshure mu vyumba bararamwo eka mbere no mu mashure.

Umukuru w’igipolisi Joseph Boinnet yavuze ko bigoye kwemeza ko izo video ari izo ukuri ko n’abariko barakubwitwa n’igipolisi boba ari abanyeshure.

Kenya: Sentare Ntahinyuzwa yidogeye umugwi w’amatora IEBC

Igisata cihweza uko igipolisi kirangura akazi kaco kinaharanira agateka k’abanyagihugu (IPOA) cahamagariye abo banyeshure bakomeretse 26 kuza gusugura uko vyagenze.

Publicités