
Amakuru ava aho mu Rumonge amenyesha ko imodoka yo mu bwoko bwa Isuzu yariko iva ahitwa i Kabumburi ija ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge yagize isanganya igeze mw’ikorosi ku birometero bibiri uvuye i Kabumburi.
Ayo makuru avuga ko abantu batandatu baciye bitaba Imana uwo mwanya nyene,uwundi nawe yitaba Imana ariko ajanwa kwa muganga.
Mu giporisi c’Uburundi,umuvugizi waco Pierre NKURIKIYE amenyesha ko muri abo bitavye Imana n’uwariko aratwara iyo modoka arimwo.