Somaliya : Imodoka y’abasirikare b’abarundi yaguye mu mutego wa Al Shabab

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko ico gitero cabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadiscio, mu gihe abasirikare bariko bava ahitwa i Masla baja ahitwa Academie.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko ata musirikare n’umwe w’umurundi yakomeretse, ariko ko imodoka barimwo ariyo yononekaye ica itwarwa n’iyindi modoka.