
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko ico gitero cabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadiscio, mu gihe abasirikare bariko bava ahitwa i Masla baja ahitwa Academie.
Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko ata musirikare n’umwe w’umurundi yakomeretse, ariko ko imodoka barimwo ariyo yononekaye ica itwarwa n’iyindi modoka.