Abantu 22 ni bo bishwe n’igihuhusi Nate i Costa Rica, Nicaragua na Honduras

Imvura nyinshi yatumye inzuzi zuzura amazi yinjira mu bisagara muri Costa Rica

Igihuhusi Nate cahitanye abantu 22 muri Costa Rica, Nicaragua na Honduras imbere yuko kigana uburaruko giciye muri Amerika.

Ibihe bidasanzwe vyatangajwe mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati, aho abantu barenga 20 baburiwe irengero.

Cateye imvura nyinshi, imyuzure n’imisozi yabomotse vyazibiye amabarabara, bisambura ibiraro vyonona n’amazu.

Muri Costa Rica, abantu bababa 200.000 nta mazi meza bagifise abandi ibihumbi n’ibihumbi baraye mu mahema.

Amazinga ya Caraibe yiteguriye igihuhusi gikaze

N’imiburiburi abantu umunani ni bo bahasize ubuzima bazize ico gihuhusi, mu gihe abanti 11 bapfuye igihe cariko kiragana uburaruko gishitse muri Nicaragua, ahitezwe imvura ifise urugero rya santimetero 38 nk’uko bivugwa n’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura ibihuhusi

Abantu batatu bapfiriye muri Honduras, harimwo urwaruka rwatwawe n’uruzi, abandi benshi bakaba bataramenyekana irengero ryabo.

Abantu bashika 5.000 baraye mu bibanza vy’agateganyo muri Costa Rica

Bivugwa ko kandi hari umugabo umwe yahitanywe n’umusozi wabomotse muri El Salvador, nk’uko bivugwa n’abajejwe gutabara.

Muri Costa Rica, amagariyamoshi yose yahagaritse ingendo, indege na zo nyene ntizagurutse ku musi wa kane.

Ibibanza vyo kuruhukiramwo no gukiniramwo bikunzwe n’ingenzi birenga 20 vyabaye birugawe. Ico gihuhusi kandi cononye ibintu vyinshi muri Nicaragwa.

« Bamwe twibaza ko dushobora kujabuka uruzi, ikigoye gutegera n’uko twari dukwiye kurindira, » ni ko yavuze ku mboneshakure.

« Vyokubera vyo guceregwa hatazopfa ushitse iyo waja. »

Publicités