
Prezida Trump yariyamirije amasezerano yapfunditswe ku burongozi bwa Prezida Obama na Irani
Prezida wa Amerika Donald Trump ariko aritegura gusezerera ubu bwa vuba amasezerano igihugu ciwe capfunditse na Irani ku mugambi w’ico gihugu mu vya « nucléaire », nkuko ibinyamakuru vya Amerika bivuga.
Atemeje ayo masezerano, inama nshingamateka ishobora guca ifata ingingo yo kugumiza ibihano vy’ubutunzi kuri Irani.
Bwana Trump afise gushika itariki 15 ukwezi kw’icumi ngo abe yafashe ingingo.