Muri iyo mvura n’ayandi mazu hafi kuri umunani yaragurutse muri iyo ntara ya Muramvya.Kuri paruwasi ya Muramvya, amabati agera kuri 25 niyo yagurutse, nk’uko bishikirizwa na Gelase MUGEROWIMANA, Patiri mukuru wa Paruwasi Muramvya, akavuga ko ivyuma bishikana amajwi kure bishobora kwononekara mu gihe imvura yosubira kurwa.
Patiri Gelase MUGEROWIMANA asaba ababishoboye bose ko bofasha kugira iyo Paruwasi isubire gusakarwa, abakirisu basubire kuronka aho basengera.