Impanuro z’igipolisi ku bantu bihutita kuvoma igitoro iyo imodoka itemvye

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi abishikirije mu gihe kuri uwu wa kabiri, abanyagihugu bagera kuri 50 bo muri komine Shombo, mu ntara ya Karusi bahiye bariko bagerageza kuvoma igitoro c’imodoka yariko iracunguruza yagize isanganya iratembagara.Impanuro igiporisi gitanga n’uko abantu babonye amasanganya ku miduga yunguruza igitoro abaye ko batosubira kwirukira kuja kuvoma kuko igitoro muri ayo masanganya gica caka umwanya n’umwanya.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi : « Ahubwo abantu bofasha kuraba ko nk’abantu baba bari muri iyo modoka, baba ari na bake, usanga ahanini ari nk’abashoferi babiri na barya bandi baba bari kumwe nka babiri, bakaraba ko hari uwoba yababaye kugira bamutabarize, bamufashe. Ariko ivyo kwirukanga kuja kuvoma ico gitoro bakavyirinda, kuko urabona nk’ivyaraye bishitse ko ari ibintu biteye agahinda cane

Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana ko yapfuye, abashika 50 nabo barakomereka mw’isanganya ry’imodoka itwara igitoro ryabereye ku mutumba Kigarama, zone Nyabibuye,komine Shombo mu ntara ya Karusi ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2017. 15 muri abo 50 nibo bakomeretse cane, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Amakuru ava aho mu Kigarama amenyesha ko iyo modoka yatembagaye abanyagihugu baca baja kuvoma igitoro, ariko ica ifatwa n’umuriro irasha, ari naho abo bari baje kuvoma ico gitoro bahiriye.

Musitanteri wa komine Shombo, Pierre Claver KANTAZI avuga ko bamwe mu bakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi, abandi batwarwa kw’ivuriro ritoya ry’i Nyabibuye.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s