Kayanza: abagabo 2 bafashwe bariko bariba umuvyimba wa musitanteri wa commune kirundo 

Abo bafashwe n’igiporisi ni umwarimu wo kw’ishure shingiro ry’i Gatara mu ntara ya Kayanza azwi kw’izina rya MANARIYO Richard, hamwe n’umufundi abarira ibirato aho nyene mu Kayanza. Bompi bafashwe n’igiporisi bariko bagerageza kwiba amafaranga mu bubiko bwa BCB kuri konte ya Musitanteri wa Komine Kirundo aheruka kwitaba Imana mw’isanganya ryabereye aho mu Kayanza. Mu kwiba ayo mafaranga y’umuhisi MISAGO Stany Musitanteri wa komine Kirundo, abo bagabo bakoresheje agakarata SESAME gakoreshwa mu kubikuza amafaranga.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi arasigura ingene abagirizwa ico caha baronse ako gakarata, umusi uwo Musitanteri ahitanwa n’isanganya kw’igenekerezo rya 8 Gitugutu 2017.

« Uwo mwarimu ari mu baciye bamusopa, bamukuramwo agakarata bita SESAME atari bwanafute inomero zishobora gufasha gutora amafaranga muri ubwo bubiko. Niko rero uwo mwarimu ari kumwe n’uwo abarira ibirato yaciye agenda arakoresha kuri iyo konte y’uwo muhisi. »
Abo bagabo babiri bakaba bari bamaze gukura kuri ubwo bubiko amafaranga agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi bavuga kandi ko abagirizwa ico caha bafashe mu gihe umwe muribo, uwo abarira ibirato, yari aje kubikuza ayandi mafaranga kuri uwu wa gatatu, aca arafatwa, akaba ari nawe yaciye avuga mugenzi we bakoranye ubwo busuma.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s