Amerika: Biriyezwe yuko Trump ava mumasezerano Nucléaire na Iran murace mwitega ibikurira.

Prezida wa Amerika Donald Trump vyitezwe yivana mu masezerano ya ‘nucléaire’ ya Iran ku wa gatanu no gushinga ingingo zo kuwugwanya.Iyo ngingo ntiha uburenganzira Amerika yo kwivana muri ayo masezerano ariko itanga imisi 60 inama nshingamateka kugira yemeze kuva muri ayo masezerano no gufatira ibihano Iran.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika Rex Tillerson amaze imisi avugana na bagenzi we b’i Buraya n’Ubushinwa nk’uko bivugwa n’ubutegetsi bwa Amerika.

Trump amaze imisi hari abamusaba kutava muri ayo masezerano, haba muri Amerika canke mu bindi bihugu.

Muri ayo masezerano yo mu 2015, Iran yaremeye guhagarika umugambi wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda kugora bayikureko ibihano vy’agateganyo.Inams nshingamateka isaba Trump kwerekana incuro 90 ko Iran idakurikiza ayo masezerano.

Trump ivyo amaze kubikora incuro zibiri gusa.

Ibivugwa ko Trump ashobora kuzanka kwerekana uko Iran iriko irashira mu ngiro ayo masezerano, vyateye ubwoba bamwe muncuti za Amerika hamwe n’abategetsi bo muri reta yiwe.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi James Mattis yaheruka kubwira inama nshingamateka ko Amerika idafise umugambi wo kwanka gushigikira ayo masezerano.

Prezida Trump yavuze ko ayo masezerano ari mabi cane, aranagabisha ko azoyagwanya.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s