Amasenge yafashwe kw’isi mu mwaka uheze ntiyari bwigere aboneka, mu gihe uruhigi muri Afrika rwagabanutse kuri kimwe ca gatanu, nk’uko biri mu cegeranyo.Amatoni ashika 40 y’amasenge yarafashwe, nk’uko bivugwa n’akanama kishinze gukingira ibinyabuzima, the Convention on International Trade in Endangered Species (Cites).
Mu gihe uruhigi rwahitanye inzovu 111.000 zo muri Afrikamu myaka cumi iheze, mu bice bimwe bimwe, bigaragara ko rutakibaho. Cites yakiranye igishika izo nkuru, ariko bikaboneka ko hakirimwo amakenga.
» Utwigoro rusangi turatanguye kugira ico dushitseko, ariko n’ubu impinga iracari ndende, » uko ni ko umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe John Scanlon yavuze.
Muri Afrika barashushanya udukomo n’ibindi bambara mw’izosi mu masenge y’inzovu
Ico cegeranyo kivuga ko igitigiri c’amasenge yafashwe gishobora kugabanuka kubera ugutegera kw’abantu hamwe no gushira mu ngiro amategeko.