Kenya: Odinga ahamagarira abayoboke biwe kutaja mu matora yo ku wa kane

Umukuru w’urunani rw’abatavuga rumwe na reta muri Kenya, Raila Odinga, yahamagariye abayoboke biwe kutitaba amatora ya prezida ategekanijwe ku wa kane, avuga ko vyoba biteye isoni.Yabwiye BBC ko abategetsi bananiwe gusubiramwo gutunganya bushasha akanama kateguye amatora yo mu kwezi kw’umunani, yafuswe na sentare ntahinyuzwa kubera amanyanga yabayemwo.

Yishura kuvyavuzwe n’abaserukira ibihugu vyabo basavye abanyepolitike muri kenya, kutagira inyifato ishobora gutera imidurumbanyo, Odinga yavuze ko ingorane za Kenya zitegerezwa gutorerwa inyishu n’aba Kenya ubwabo.

Prezida Uhuru Kenyatta ararahira akarengwa ko amatora ategerezwa kuba uko yateguwe.

Imidurumbanyo yabaye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Kenya mu 2007 yahitanye abantu barenga igihumbi.

Publicités