Inyuruzwa ry’indongozi za FPB uko ryagenze ido n’ido.

Irya n’ino hariko harasamirana ubwongoshwe hagati y’abakwiragiza ibihuha n’abavyakira.  Uri abongeramwo akunyu ,abandi agapiripiri. Bigatuma bamwe mu barundi batumva neza akanovera k’inkuru nyayo,kw’inyuruzwa ry’indongozi z’umuhari FPB!

Ku makuru twaronse, abarundi bakwiye kumenya ibi bikurikira:

1.Tubaha inkuru ku musi wa mbere ,igenekerezo rya 23/10/2017 , isobanura uko bene kunyuruzwa bafashwe,

Binjiye mu gihugu ca TANZANIYA ku vyangombwa vyo muri CONGO,kandi biha imyidondoro atari iyabo.

Ni ukuvuga ko reta ya TANZANIYA naho yoja gusura mu mpapuro ziranga ingenzi zinjiye ku butaka bwayo, itopfa ibonye abantu bitwa NTIRANYIBAGIRA_JÉRÉMIE na NSHIMIRIMANA_EDUARD,

Wongeyeko n’uwo bahasanze yitwa NZEYIMANA_LIBERE batazira MAHOPA,muri TANZANIYA azwi nka MOSES.

Rero aya mazina nyayo ariko avugwa n’abarundi babazi gusa ,ariko TANZANIYA yo ntaco iyaziko, kuko n’ubwo yobarikiriza iciye kuri iyi myirondoro nyayo,ataco yoshikako.

2.Ico bamwe mu barundi batamenye ,ni uko bagumye bakoresha imvugo y’uko izo ndongozi za FPB zahagaritswe,ariko mw’ijambo rimwe baranyurujwe nk’uko iperereza ry’Uburundi ryama ryabikoze no mu gihugu hagati,iyo ridashaka ko haba uwukurikirana amahitire y’uwafashwe,

Amakuru duhabwa n’amasoko yacu,avuga ko hari hasanzwe icuka kibi muri FPB, n’imbere y’uko baja muri TANZANIYA,

Izo ndongozi zimaze gushika mu nama , hari ibimenyetso zabonye ko biteye amakenga, ko iperereza ryoba ryamaze kubinjirana,

Batatu muribo (EDUARD_NSHIMIRIMANA, JEREMIE_NTIRANYIBAGIRA na LIBERATE_NIJIMBERE) baca baba barakinjura,basiga mu nama uwo MAHOPA,

Ariko bari bacerewe kuko abakozi b’iperereza ry’Uburundi bari bamaze kubatangatanga,

Kuko aba 3 bamaze gushika mu minwe y’iperereza ry’Uburundi ryari muri TANZANIYA, baciye bategekwa kwakura MAHOPA, nawe aza agwa muri uwo mutego, nk’uko no mu Burundi , abenshi banyuruzwa, baba bahamagawe n’abo basanganywe.

Baca bababohera amaboko i mugongo. Bwa nkuba, babajabukana urubibe rw’Uburundi na TANZANIYA, bacishijwe i KOBERO mu ntara ya MUYINGA,

3.Amajwi(audio) canke inzandiko ziriko zirakwiragizwa irya n’ino, ko izo ndongozi zikiri mu maboko ya TANZANIYA, ni umukenyuro w’abakozi b’iperereza.

Aho ririko rikoresha bamwe mu MBONERAKURE z’abakenyezi, ziyitirira imiryango y’abanyurujwe, zemeza ko bakiriho, bafiswe na TANZANIYA, kandi yanse kubatanga kuri reta y’Uburundi, hari n’icizere co kurekurwa.

Aha muri bene gukwiragiza ayo marementanya bafise intumbero 2:

A.Guhuvya amatohoza, ngo ntihagire uwubandanya aronderera mu Burundi, kugira reta ya PETERO NKURUNZIZA ntizobazwe agatwe k’izo ndongozi za FPB.

B.Hari abashaka kuvyungukiramwo, mu kwegeranya ifaranga, aho abafise umutima wo gutabara abandi, basho Ira gusabwa ifaranga riremereye ,rikitirirwa iryo kurekuza abanyurujwe.

Rigaca riherera mu mipfuko y’akarwi k’abantu tudashimye kuvuga imyidondoro yabo ubu.

Aha rero hariko hakoreshwa amatweets (inzandiko za twitter) z’inkorano, usanga amazina yitwa ko beneyo aribo bazanditse,yamara ugiye guhinyuza kuri twitter zabo usanga atarivyo.

4.Inkuru zimaze kudushikira , kandi zo kwizera, ni uko izo ndongozi zanyurujwe, bazifatanye imashini nyabwonko 3, zarimwo amabanga y’umuhari FPB n’integuro zawo.

Bakaba bashikanywe i Bujumbura kugira abazi gutoteza abantu babakuremwo amakuru yimbitse, hisunzwe ivyabonywe muri izo mashini.

Ku kirimba kwa PETERO NKURUNZIZA habereye inama aho bapfunditse  yuko ari ukubaboreza igufa vyo ku rwego rwo hejuru, gushika amakuru yose akenewe bayabakuyemwo.

Ivyo biheze, nihaba hataramenyekana aho bapfungiwe , ngo bihave biteza induru mu bajejwe agateka ka zina muntu mu Burundi no mu makungu, ubwo nyene boca bagandagurwa, ibiziga vyabo bikazimanganywa, atawubiciye n’ikanda,

5.Baba bakiri bazima ,canke baba bamaze kugandagurwa,ivyo vyose bibarizwa mu minwe ya PETERO NKURUNZIZA. Inkuri yo kwongerwako ni uko umutanzaniya yari yubakanye n’umwe muri abo banyurujwe, yahawe uruhusha na leta ya TANZANIYA rwo kiza kuronderera i bujumbura.

Ubwo rero twashaka tunaburire n’abandi bose basigaye, ko bokwiyubara cane, kuko atawuramenya icavuye mu kanwa k’izo ndongozi zaborejwe igufa.

Ntihagire n’uwundi yijajara, ngo niyafatirwa canke akanyururizwa hanze y’Uburundi ko yoca ajanwa mu maboko y’ico gihugu yafatiwemwo.

Hari igihe wogenda ugiye, za ndoto zawe zo gukiza igihugu zigatumuka bunyota, Intwari nyayo ntiyijajara canke ngo yisamareko!