Kenya: Umuntu yishwe arashwe aho yari mumyiyerekano yo kuburizamwo amatora.

Mu gihe abanye Kenya bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu, umuntu umwe yishwe arashwe n’igipolisi igihe cariko kirashwiragiza abari mu myiyerekano. mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bw’ico gihugu.Abari mu myierekano bari abatavuga rumwe na reta bariko barashaka kuburizamwo isubirwamwo ry’amatora y’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’urunani rutavuga rumwe na reta, Raila Odinga, yanse kwitaba ayo matora avuga ko ari ibiterasoni.

Habaye kandi imishamirano ku mugwa mukuru Nairobi ariko henshi mu gihugu haratekanye.

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yari yatsinze amatora yo mu kwezi kw’umunani, yahamagariye abantu kwitaba ayo matora.

Ariko abamenyeshamakuru bavuga ko abitavye amatora ari bake, hakaba hari amakenga y’uko ashobora kwemerwa.

Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yategetse ko amatora yo mu kwezi kw’umunani asubirwamwo kubera yabayemwo amanyanga.