Kenya: Igikogwa co guharura amajwi y’amatora kiriko kirabandanya 

Chebukati: Tumaze kuronka ivyegeranirizo vy’amajwi 36769

Umukuru w’akanama kajejwe amatora Wafula Chebukati yavuze ko bamaze kwakira ivyegeranirizo vy’amatora 36769 bivuye mu biro vy’amatora.Yavuze kw’ico gitigiri kiruta ic’ivyegeranirizo bari bamaze kuronka mu matora ya mbere kuri iyo saha. Ivyo yabicishije ku butumwa bwa Twitter.

-Abanyagihugu bitavye amatora mu gihugu cose ni 33.4%

-Hirya no hino havugwa amakuru yo guhangana hagati y’abajejwe umutekano n’abanyagihu

-Ingene igipolisi citwaye mu matora

Nta bantu benshi bari mu mabarabara ya Nairobi

Mu gihe amatora yarangiye, umunsi wa gatanu ari uwakazi, abanyagihugu bari bake mu mabarabara ya Nairobi ku munsi wa gatanu mu gitondo naho hari amaduka yari yuguruye.