UBUTUMWA BWO GUHOZA NO KWIHANGANISHA IMIRYANGO YA GENERAL JEREMIE NTIRANYIBAGIRA NA COLONEL EDOUARD NSHIMIRIMANA HAMWE N’UMUHARI FPB.

Nkuko abarundi benshi n’abanyamahanga babikurikiranye kuva mw’ijoro ry’ igenekerezo rya 21 rishira irya 22 z’uku kwezi kwa Gitugutu,twaraguye mu gahundwe twumvise inkuru y’incamugongo yavuga ko izo ndongozi z’Umuhari FPB zanyurujwe zikarungikwa mu gihugu cacu aho twese tuzi ibica bibashikira.

Ubwa mbere twagomba guhoza no kwihanganisha imiryango y’izo ndongozi kuko nkuko twese tubizi baramutse barasubijwe mu gihugu gitwarwa na Nkurunziza Petero vyoba igitangaro baramutse barokotse inkota.

Ubwa kabiri turahojeje twongera twihanganisha Umuhari FPB bari barongoye,tukawusaba kwihangana no kurushirizaho kugera ikirenge muco izo ndongozi zari zaraciyemwo kuko igikorwa barimwo cari ic’iteka ntizari kumena amazu y’abantu.

Ubwa gatatu turateye ivyatsi ibimenyeshamakuru vyose mbere n’abantu ku giti cabo berekanye ibisa n’umunezero hamwe n’agakindago kadasanzwe vyerekanye mu bihe abandi barundi bariko bararirira bongera babarikiriza irengero ry’izo ndongozi,aho gushika nubu bitaramenyekana irengero ryabo.

Ubwa kane,turateye akamo abarundi bifuza igihugu kizorarwa abana n’abuzukuru bacu ngo batere ivyatsi intwaro mbi irongowe na Petero Nkurunziza kugira yibuke ko kwica,kunyuruza,gufungira abantu ubusa,gusinzikaza ubuzima bw’abarundi,kuboreza igufa uyo wese yamaze gufatwa n’inzego z’ubucamanza n’izumutekano,guhaya igikenye,kwica no kurenga amabwirizwa cumi y’Imana ata mahoro bizovamwo.

Ubwa gatanu,turateye akamo twongera dutakambira ibinyamakuru n’abantu ku giti cabo twavuze haruguru vyagaragaye ko vyagumye bishikiriza abarundi n’amakungu ko bazi neza ivyabaye kuri General Jeremie Ntiranyibagira,Colonel Edouard Nshimirimana,umufasoni Liberata Nijimbere hamwe nuwo batazira Mahopa kugira bagire n’uwo mwete mu gutanga umuco ku bijanye n’aho izo ndongozi ziri kugira imiryango,incuti,abagenzi n’Umuhari bari barongoye bamenye aho boronderera.

Ni harambe abarundi bose bifuza igihugu kirangwamwo amahoro n’umutekano kuri bose.

Hon. Manasse Nzobonimpa

Publicités