Makamba : Umukozi wa COOPEC yafashwe agomba yibe imiriyoni zirenga zitandatu

Amakuru ava i Vugizo amenyesha ko Jean Claude NSHIMIRIMANA yari asanzwe ari icegera c’umunyabigega wa COOPEC mu karere k’ubumanuko bw’igihugu yaje abesha umunyabigega ko ayo mafaranga aje kuyatora ku mvo z’akazi.
Ayo makuru nyene amenyesha ko Jean Claude NSHIMIRIMANA yahavuye ahagarikwa aho yari mu nzu y’uburyamo Hotel iri ku murwa mukuru wa komine Nyanza Lac.

Yaba Jean Claude NSHIMIRIMANA canke umunyabigega, bose bapfungiwe mu gasho ka parike i Makamba ,ku mvo z’amatohoza.