Michel Kafando asanzwe ari i Bujumbura yabonanye n’umuhuza Edouard NDUWIMANA

Urugendo rwa Michel KAFANDO rwabaye mw’ibanga rikomeye, kuva ku munsi w’Imana ari i Bujumbura, ivy’urwo rugendo bikaba vyatanguye kuvugwa kuri uwu wa kabiri, inyuma y’aho yakiriwe na Alain NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.
Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri naho, Michel KAFANDO yakiriwe n’umuhuza w’Abarundi, Edouard NDUWIMANA.

Juma Rukumbi, umuvugizi w’umuhuza w’Abarundi amenyesha ko muri uwo mubonano hagati ya Michel KAFANDO na Edouard NDUWIMANA wari ushimikiye ku bijanye n’ibiganiro, amahoro hamwe n’ugusubiza hamwe.

Publicités