Igishingatahe: Nkuko isi iriho ijuru rirahari ukuri kwamye, soma inkuru y’umuntu yatemberejwe mw’ijuru iminsi itanu.

Walk in Heaven with JesusIntahe itangaje y’umumissionnaire yatemberejwe mw’Ijuru imisi itanu n’igice yo kw’isi

Aho hantu mwumva hitwa mw’Ijuru haruta isi incuro mirongo icenda. Narahatembereye, ndahagendagenda imisi itanu n’igice yo kw’isi (turashobora kubaronsa inkuru yose  kuri whatsapp, email canke SMS) mugatabo mukadusavye.

Abanyabwenge bavuga ko haheze imyaka imiriyaridi amajana ane hatanguye
iremwa, abandi n’abo bakavuga imiriyaridi cumi na zitatu. Barongera bakavuga ko
haheze imyaka ibihumbi amajana abiri habayeho umuntu agomba kumera
nk’umuntu w’ubu. Ubwo bumenyi, abaciye mu mashure ya kaminuza mu bisata
bivugwamwo iremwa ry’amasi, ivuka n’ipfa ry’inyenyeri hamwe n’inkomoko
y’ibintu, bose baraburonse. Ni vyo impari ntizobura narirya ar’ivya kera cane kandi
ata buhinga buraboneka bwodufasha gusubira inyuma ngo tuvyihinyurize neza
ubwacu; ariko igitangaje n’uko bibandanya vyigishwa nk’ukuri kuzima mu
mashure kandi abantu bakavyizera!
Imana ntirenganya (1 Petero 1:17). Ubwenge Imana ishaka ko turonka ntiburinda
gusaba kuba warize amashure ahanitse (Yakobo 3:13-18) naho kwiga ari vyiza
cane. Kuko nimba waravutse urazi k’uzopfa ukava kur’ino si. Ingorane ihari n’uko
umwanya munini tuwukoresha mu kwumviriza ivya kahise no mu gutegura
ivy’ubu buzima arikw ivya kazoza kacu k’inyuma y’urupfu ntitubibabare. Ivyo
birababaje cane.
Ncuti mwubahwa urik’urasoma kino gitabo kumbure woba uvuga ko ata Mana
ibaho, nokumenyesha kw atampamvu ihari yo guhakana Imana yihishuriye abantu
biciye muri Yesu Kristo w’i Nazareti (Yohana 1:1-18); Imana ihoraho yaremye
vyose. Ico akaba ari kimwe mu binyegezwa bikomeye aho Imana yigize umuntu
ikabana n’abantu. Kugez’ubu Yesu Kristo aramaze kujana abantu benshi gutembera
mu Bwami bw’Imana hanyuma baragaruka baratwiganira ivy’ico gihugu citwa
Ijuru (2 Ab’ i Korinto 12: 2-5). Na Satani nyene ariho kandi ntaco bimutwara
guhakana kw ariho kukw arazi kw ariho nah’asigaje igihe gito, kandi ingero atanga
n’amarushwa ku bamukoreye bose. (Matayo 4: 1-11), (Ivyah.Yoh.20:1-3).
Ndazi abantu benshi bapfa kuvuga kw inyuma y’urupfu ata bundi buzima buriho.
Kumbure nawe uri mur’abo. Gufata ingingo nk’iyo ni uguta ubugingo bwawe mu
kaga ! Ibaze niwapfa hanyuma ugaca ukanguka wisanga mu Muriro ! Mbega
ntuzoca ubona ko wabaye ikijuju hanyuma wibaze uti ese iyo mpfuma niyumvira
igihushane ngakorera Ijuru ! Ivyo vyoba binababaje cane hamwe woba witwa ko
wanaciye mw’ishure ariko ukananirwa no gutegekaniriza akazoza ubuzima
bwawe ! Imigani 14:12 : « Harih’inzira umuntu yibgira kw’ari nziza,
arikw’amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.»
Iki gitabo kigizwe n’intahe y’umumisyonere yishikiye aho wumva benshi bavuga
hitwa mw’Ijuru, Ahari Intebe y’Ubwami y’Imana, kandi abayizeye bose
bakagendera mw’Ijambo ryayo bazoba. Uwo mutama COLLETT PERCY yagiyeyo
yari yaranaciye mu mashure ahanitse kuko afise impamyabushobozi ya Doctorat.
Ni intahe itangaje cane kandi idutera inyota yo kuja mw’Ijuru.

Urugendo rwo mw’Ijuru

« Kenyera zigume ! » (Aya majambo yanditswe akuwe mw’ikaseti, akaba yabitse
akanovera k’imvugo yo kuyaga). Ngira nihate ndabatware mw’Ijuru ningoga
vyihuta kuri kano kagoroba, kuko ni ho twese twifuza kuja! Ndabashikirije igishika
c’urukundo c’igihugu ca Brezile, ariko cane cane, intasho z’Ijuru. Iryo bita Ijuru
risumba Isi incuro mirongo icenda (90). Ni Urusi runini. Imana iteguriye urwo rusi
rungana amahēro abacunguwe bose kugira ngo bahabe mu buzima budashira.
Nsubiye inyuma gato, Mama wanje yajanywe n’Umwami Yesu igihe narimfise
imyaka 5 gusa. Ari mw’Ijuru kuko naramubonye iyo hejuru. Ni mur’ico gihe
nk’impfuvyi y’imyaka itanu, nabona umumarayika wa mbere. Yaje mu cumba canje
aca avugana nanje. Mu nyuma, mfise imyaka 14 ndi mu ruhongore kwa sogokuru,
umumarayika yaranyiyeretse ahagaze imbere y’indogoba zanje. Yaciye ambwira
ati : «Imana iraguhamagaye ngo uyikorere, uzoja kw’isi yose.». Naciye mbwira
sogokuru ko nabonye umumarayika, na we acaranyishura ati : « Mwananje, nimba
ar’uko biri, kuva uno musi, ntukiri musi y’ububasha bwanje, arik’uri musi
y’ububasha bw’Umwami Yesu.».
Kuva ico gihe naciye mbaho umwanya wose ndongorwa n’Imana mu buryo
bwagutse, nk’inyegu kandi atagahigihigi, ndongōrwa n’Ubushobozi bw’Imana
nzima. Mu nyuma haheze igihe narabonye abamarayika mw’ishamba, ndetse
ndabona neza na neza « igicu kinini c’ivyabona.».
Ndiko ndarangiza igikorwa canje, namaze imyaka 7 nsengana ubwihebure nti: « O
Mana, nyereka Ubwiza bwawe ! ». Mbeg’isengesho ! Kuko mu nyuma Uhoraho
yarandetse ndabona Ubwiza bwiwe. Ng’uku uko yabishikije : Twari benshi
tukoraniye mu masengesho mu mavuta y’Ubushobozi bwa Mpwemu Yera hanyuma
nko mu kanya isase twaciye duhundagara twese hasi musi y’Ikiganza c’Imana
nzima. Bamwe muri twebwe, b’imitima y’igiciro, turazi icari co kugwa hasi musi
y’ubushobozi bw’Imana. N’ukwigaragaza gukomeye. Imana n’inyenkomezi !!!
UMWIDONDORO W’UWO MUGABO YABONYE IJURU
INTAHE YANJE
3
Bibiliya ivuga iti : « Azobuzuza Mpwemu Yera n’Umuriro » kandi murazi kw’iyo
mufise umuriro, haba harimwo inguvu. Mur’ico gikorane, aho vyari vyahimbaye
Umwami kwishurira amasengesho yanje, na jewe nyene narindambaraye hasi,
hanyuma yaciye arungika umumarayika avuye mw’Ijuru kugira ngo anyemerere
kubona Ubwiza Bwiwe. Bene data nkunda, hariho ikintu GIKOMEYE IMBERE
YANYU KUBW’IVYO NDABATUMIRIRA KUBIKAYO IVYIZIGIRO VYANYU.
Hariho igihugu aho hejuru kibarindiriye, kandi mugereranije, muzobona kw iyi si
yari ubusa gusa. Inzu nziza nziza z’agakura z’ino epfo kw’Isi ntaco zisa zisana
n’amazu y’aho hantu h’icubahiro kandi h’igitangaza. Kubw’ivyo, Yesu yavuza ati : «
I muhira kwa Data har’amazu menshi, iy’aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko
ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka
kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.» (Yohana 14 :2-3)

Gushika mw’Ijuru, n’urugendo rurerure cane. Naragize urwo rugendo. Ni amasaha
atandatu yo gushikayo, n’amasaha atandatu yo kugaruka, ku murindi wo
kunyaruka USIG’UBWENGE! Incuro 90 gusumba Isi! Ni ukuvuga kw inkikuro yaho
irimwo ibirometero imiriyoni zitatu (Km 3.000.000). Ibiti vyiza cane bihebuje,
inzuzi, ariko ico nifuza kubabwira kur’uno mugoroba, n’Uruzi rw’Amazi
y’Ubugingo. Rutemba ruva ku Ntebe y’Imana. Kandi Imana igira igomororere uwo
mugende munini w’amahero ku buryo uzoshikira Isi mu nkomezi z’Iyo Hejuru, ni
ho ukwasana k’ugusanganguka kutari bwabeho kuzobaho ivyo ni vyashika.
Imana irafise umugambi, isaha y’Umugambi Wayo irageze, kubw’ivyo sinizera ko
twebwe Abakristo tuzobona impera ya kino kinjana. Ivyo ni vyashika, sinifuza ko
noba nasigaye kugira ngo mbe mu marushwa azokurikira. Nifuza kugenda,
kugenda mur’iryo duzwa ry’icubahiro ry’Ishengero Bibiliya itubwira. Kandi ndazi
ko tutazosubira kubona urupfu ukundi inyuma y’ivyo.
Naramenye mw’Ijuru abantu bakomakomeye b’Imana. Narabonye Abapasitori
bagenzanje na Basogokuruza bacu, Intumwa n’Abahanuzi, hamwe rero
n’uwusumvya igiciro vyose, akaba na We ar’Umwami Yesu ! Twaratemberanye
mw’Ijuru, mu bibanza vyo mu majuru bitangaje. Naratemberanye na YESU!
Narabonanye na Yobu sogokuruza, umwe Imana yabaza iti: « Wari he igihe
nashiraho amatanguriro y’isi? ». Narabonye Simiyoni umwe yakira mu biganza
vyiwe Yesu ar’akayoya agaca avuga ati: « Mwami, sezera umushumba wawe
amahoro, kuko amaso yanje abonye agakiza… ». Kure y’aho, nabonye Intumwa
Paulo, umwe yajanwa agashika mw’Ijuru rya gatatu. Ijuru n’ahantu h’inzahabu
gusa, h’ubwiza, hatangaje kandi hasa neza cane!
URUGENDO RWO GUSHIKA MW’IJURU
4
Aho rero, nari navuye kw’isi. Nari natandukanye n’umubiri kuko wowo wari
urambaraye ha handi, ntikakaza na gato. Abaganga baraje kuwupima: amaraso
yaratembera mu mitsi, ariko ubushobozi bw’ubwenge bwanje siho bwari mu
kiringo c’imisi itandatu.
Ubugingo bwanje bwari bwasohotse buva mu mubiri. Murafise ubugingo, umuntu
wese arafise ubugingo (umushaha) kuko Imana itubwira muri Bibiliya ko
yahumekeye mu muntu impwemu y’Imana, «aca aba uwufise ubugingo ». Ubugingo
bwanyu ni mwebwe nyene, bufise ishusho yawe, ni bwo bukora, ni bwo buvuga, ni
ico muri koko. Ni bwo bukorera muri mwebwe, bwitwa kandi umuntu w’imbere.
Paulo yavuze ati: «N’ubwo umuntu wacu w’inyuma ariko arabora, umuntu wacu
w’imbere yiyubura buri musi. ». Umumarayika wanje yari iruhande yanje,
yagumanye nanje hashize imyaka 79, ntiyari bwasubire mw’Ijuru kuva mvutse.
Yarafise igishika co kimwe nanje yibutse kuja hariya hejuru! Umwe wese muri
mwebwe arafise umumarayika amucungera, ubimenya canke ureka, umurango
n’ijoro aragukingira. Hiyo, niho Umumarayika w’Uhoraho yamanutse ava. Ivyo
birabatangaje?
Dusome muri Bibiliya : «Umumarayika w’Uhoraho yiyeretse Aburahamu mu bihe
vya kera, yaravuganye na we kandi arasangira na we.». Mbeg’ingene Aburahamu
yar’umuntu ahambaye! Naramubonye, we n’umugore wiwe Sara, hamwe
n’Intumwa Paulo…imisi itanu n’igice namaze mw’Ijuru, dutemberana na Yesu.
Hariyo intambo mw’Ijuru, n’intambo z’agakura: batambira ku kiyaga c’inzahabu
zitavanze, kibonerana, gisa nk’ibirahuri, imbere y’Intebe y’Ubwami kubw’icubahiro
c’Imana. Imana iraryoherwa no kurorera abantu bayo bariko baratamba! Ijuru
ryose ryuzuye umuziki: ibicurarangisho bidaharurika, ibizwi n’ibitazwi kw’isi,
vyose bikavuzwa kubwo kuririmba izina ry’Imana yacu.
Mwarimuzi kw iyo mw’Ijuru UMWANYA UTABAHO ? Nta saha ibayo, umwanya
ntubayo. Ubwiza bw’Imana bwuzuye vyose, kandi ntibisiganwa n’umwanya, umusi
mukuru uguma ubandanya w’umuziki, w’umunezero n’icubahiro gihabwa Imana.
Mbeg’abatoranijwe basa gute hiyo hejuru? Ego! Abirabure, Abashinwa bose ni
AKARORUHORE. Abafaransa, Abarusiya, Abayahudi, bose ni beza mw’Ijuru, kuko
bose bahindutse ihanga rimwe musi y’Ubuntu bwa Yesu, Umwana w’Imana.
N’igitangaza c’ukuri: nabibayemwo imisi 5 n’inusu (imisi yo kw’isi) turi kumwe
n’abantu b’Imana mw’Ijuru.
Igihe ubugingo bwanje bwava mu mubiri wanje, bwaciye buduga. Ni mwibaze uko
bwiyumvise! Kandi ni vyo bizobashikira ni mwapfa! Buno nyene ubugingo bwanyu
buca butangura kuduga buja Muhira kwa Data. Kubw’ivyo, tuduze (n’abamarayika
5
2 twari kumwe), twaciye duca mu gihoro c’inzira kinini caca hagati y’inyenyeri
n’amasi akorana n’izuba, turarengana izuba, ukwezi, n’inyenyeri, turabandanya
turaduga hejuru cane, hejuru cane, hejuru cane. Twarajabutse hanyuma dushikira
ikindi kirere.
Tumaze kurengana cane ico kindi kirere, twaciye tubona kure cane amamiriyoni
n’amamiriyoni y’izindi nyenyeri zose zerekeje amaso yazo mw’Ijuru kandi
ziririmba Icubahiro c’Umwami. Ego, izo nyenyeri zose zaririmba Ubunini
n’Ubukuru buhebuje bw’Ukurema kwose kw’Imana nzima. Turacabandanya
urugendo rwacu mu bunyarutsi bw’igitangaza. Ndaza kuvuga mu kanya urugendo
rwo kugaruka kw’isi, kuko vyari bihebuje. Harashitse igihe rero, umumarayika
w’Umwami aratubwira ati: «Turashitse hafi». Umwe wese muri mwebwe,
bakundwa, azoba mur’ivyo bintu; igihe muzova kw’isi, muzogira urwo rugendo
rw’igitanganza.
Aho twari tugeze, hafi y’Ijuru, hariho imituragaro n’imiravyo: ukwasana gukomeye
kw’imituragaro n’imiravyo ihambaye. Hose hari umuriro n’ibicu! Inkingi y’igicu
n’inkingi y’umuriro, bimwe vyaherekeza Abisirayeli mu bugaragwa, ni ho vyari,
neza na neza aho nyene! Umuriro n’Ubushobozi bwose bw’Iyo Hejuru ni ho bwari,
aho nyene imbere yacu turiko turashika mu mazu y’icubahiro y’abacunguwe.
Twaciye twinjira mur’urwo ruzitiro ruhebuje rw’igitangaza rukikuje Ijuru.
Twasize kure cane isi, ariko tumaze kuyivako, twahuye n’umwijima mwinshi
w’umuzitanya. Aho hari hamwe abahinga baja kugendura inyenyeri bigera gushika
igihe kimwe ntivyasubira gukunda na gato gutumatumanako n’abari kw’isi. Aho
niho Satani aba kandi habera intambara zo mu mpwemu. N’ahantu h’intambara
z’urutavanako. Iyo ntambara yatanguye igihe Rusiferi yashaka kwiringaniza
n’Imana. Yaciye ahindirwa hanze y’ijuru, kandi uhereye uwo musi intambara
zirabandanya, arikw amaherezo umumarayika w’Uhoraho azoherengeteza
abamarayika b’umurwanizi gushitsa ku wa nyuma mu ntambara ya nyuma. Ariko
tweho, turi abataha kwa Data! Ni isaha yo kurya!
Isaha iregereje yo gutaha i wacu mu gihugu co mw’Ijuru. Ni isaha yo kurya! Ubu
birarangiye! Ubwo ni bwo butumwa bwa nyuma buzaniwe isi : « Nimuze muhira,
mwinjire muciye mu muryango kugira ngo turye! Tugira tugende!»

(Inkuru yokubandanya………..)

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s