Umunsi w’amakoraniro y’amasengesho y’ukuri ni ryari? Isabato (Samedi) canke uwundi munsi?

ABAPROTESTANTI BAREMEZA KO IKIRUHUKO CO KU MUSI WA DIMANCHE ARI ITEGEKO RYASHIZWE N’ ABANTU.Uwahoze ar’umusi w’imana-zuba (Sunday=Dimanche=Umusi wa mbere) mu bapagani b’I Roma wahindutse umusi abakristo amasinzi bahimbarizako Imana yaremye ijuru n’isi n’ibiri murivyo vyose mu gishingo c’Umusi w’Isabato y’umusi w’7 (Samedi). Abaprotestanti baruhuka kur’uwo musi babivugako iki?
ABAKONGREGASIYONISTE (Congrégationistes):

“Biragaragako ko tutaba turiko turubahiriza Isabato naho tugira umwete mwinshi n’ukwitanga gukomeye turuka Dimanche (…) ”

“Isabato yashinzwe kubw’itegeko ry’Imana ritomoye neza. Itegeko nk’iryo ntidushobora kuvuga ko rihuye no kwubahiriza Dimanche.(…)”

“Nt murongo n’umwe wo mw’Isezerano risha utugabisha ko turi mu kaga ko guhanwa tuzira ko twaziruye umusi wa Dimanche.” Dr.R.Dale, The Ten Commandments, New York: Eaton &Mains, pp.127-129.

ISHENGERO RY’ABARUTERI RYIDEGEMVYA (Eglise Luthérienne Libre):

« Kubera ko bitashobotse kuronka umurongo n’umwe wo mu vyanditswe ushinga intahe ko Umwami ubwiwe canke intumwa ziwe zoba zarategetse iryo yimurwa ry’umusi wa Samedi (Isabato) ku musi wa Dimanche (Umusi wa mbere), ntivyatworoheye kwishura kur’iki kibazo ngo : « Ni nde yimuye Isabato, kandi ni nde afise ubushobozi bwo kubikora ? » George Sverdrup, « A New Day », in Sunday and its Observance, 1879.
ABAPRESBYTERIENS:

“Mw’Isezerano risha, nta jambo eka mbere ntan’ikintu na kimwe gisa n’ikibuza gukora ku musi wa Dimanche. Ininahazwa ry’umusi wa gatatu w’iminyota n’ininahazwa rya Dimanche vyose vyashinzwe n’ubutegetsi bumwe. Nta tegeko mvajuru na rimwe rishigikira ikiruhuko ca Dimanche.” Canod Eyton, The Ten Commandments, London: Trubner, pp.62-65.
ABANGILIKANI (Anglican):

“Kandi ni hehe Ivyanditswe bidusaba kwubahiriza umusi wa mbere? Twahawe itegeko ryo kwitondera umusi w’indwi; ariko ntanahamwe dusabwa kweza umusi wa mbere.” Isaac Williams, Plain Sermons on the Catechism, vol.1, pp. 334-336

ABAMETODISTE (Méthodiste)

“N’ivy’ukuri ko atategeko na rimwe ririho ryo kubatiza abana bato, nk’uko nyene ataniririho ryo kweza umusi wa mbere w’iyinga. Abantu benshi biyumvira ko Kristo yahinduye Isabato. Ariko amajambo yavuye mu kanwa kiwe ubwiwe arerekana ko ico atarico cari camuzanye. Abizera ko Yesu yahinduye Isabato bubatse ku vyiyumviro gusa (suppositions).” Amos Binney, Theological Compendium, New York: Methodist Book Concern, 1902, pp. 180-181.

ABAEPISCOPALE (Episcopaliens):

“Twarakoze ihindurwa ry’umusi w’indwi tuwushira ku musi wa mbere, tuva kuri Samedi tuja kuri Dimanche, kubw’ububasha bwa Gatorika Nyeranda, Ekleziya y’abatumwa ya Kristo.” Bishop Seymour, Why we keep Sunday, p. 28.

ABABATISTE (Baptiste):

“Numva ari ibintu bidsiguritse na gatoya kubona Yesu, mu myaka itatu yose yamaranye n’abigishwa biwe, ababwira kenshi ivy’isabato n’izindi ngingo zijanye na yo, abakuramwo insiguro zitari iz’ukuri kuvy’imigenzo ya kiyuda ariko akaba ataco yigeze ababwira kijanye n’iyimurwa ry’umusi. Ikindi kandi, mu misi 40 yamaranye na bo inyuma izuka, ntaco yavuze kijanye n’iryo yimurwa ry’umusi. Eka mbere na Mpwemu Year uko tumuzi yatangiwe kubibutsa ibintu vyose, ntiyigeze agira ic’avuze kw’iyo ngingo. Eka mbere n’intumwa aho zagenda zivuga ubutumwa, zishinga amashengero mashasha, mu guhanura no mu kwigisha, ntizigeze ziharira canke ngo zigire ico zivuze kw’iyo ngingo.”

“Mubisanzwe, ndazi neza yuko ikiruhuko ca Dimanche catanguye kare mu nkuru z’ubukristo, nk’uko tubimenyeshwa n’abakurambere b’idini n’ayandi masoko. Ariko birababaje kubona ico kiruhuko gifise ikimenyetso c’ubupagani, cagizwe ic’abakristo kigifise izina ry’imana-zuba, hanyuma kiremezwa kandi gitagatifuzwa n’ubuhakanyi bw’abapapa, maze kiragwa abaprotestanti.” Dr.E.T.Hiscox, rapport de son sermon à la convention des pasteurs Baptistes dans le New York Examiner du 16 Novembre 1893.

IKIBAZO NSIGABWENGE :

None abo bantu b’Imana ko bazi neza ivyo vyose, ni nde yabarogeye kur’uwo musi w’ikiruhuko w’ikinyoma ?

2Timoteyo 4 :3-4 ; 2 Ab’i Tesalonike 2 :11-12.

Une réflexion sur “Umunsi w’amakoraniro y’amasengesho y’ukuri ni ryari? Isabato (Samedi) canke uwundi munsi?

Les commentaires sont fermés.