Umugabo w’umunya Misiri yaragiye kwubaka urwiwe yararashwe arakomeretswa n’insoro zirekuwe n’umutumire yariko arigina ubwo bukwei.Uwo mugeni yakomeretse cane ku magara, ku kibero no mu kiganza, ariko aravurigwa mu bitaro.
Osman al-Alsaied w’imyaka 28, yariko arahamba ubusore, igihe insoro zimutumbereye aho kuja mu kirere.
Igipolisi kivuga k’umugabo w’imyaka 26 yarashe iyo nkoho, yarasamaye.
Kivuga ko yaciye yiruka amaze gukora iryo bara, ariko munyuma arafatwa, akaba ariko arasambishwa muri kino gihe.
Amakuru avuga kw’ivyashitse biriko biravugwa cane ku mbuga hwaniro, benshi bagasaba ko umugenzo wo kwigina ubukwe barasa, wohagarikwa.
« Mu gihe ukoze ivyo werekana akanyamuneza, wokora iki igihe woba ushavuye canke ubabaye? », niko umwe mu bakoresha Twitter yabajije.
Hari ibara nkiryo riheruka kuba mu kwezi guheze, mu bukwe bwabereye mu Misiri, niko Stepfeed yavuze.