Ubwongereza : Umushikiranganji w’ubutunzi Priti Patel yatanze imihoho

Patel yasavye imbabazi kuwa mbere igenekerezo rya 6 Munyonyo 2017 ku gikorwa co kugira imibonano na bamwe mu bayobozi ba Israël mu gihe yari mu karuhuko mur’ico gihugu ariko bimwe mu bimenyeshamakuru vyashize ahabona iyindi mibonano yabereye mu Bwongereza hamwe no muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.
Uyo mushikiranganji yasibijwe urugendo rwiwe yari yategekanije ku mugabane wa Afirika kugira abanze kwisigura ,yaciye ashikiriza umushikiranganji wa mbere Theresa May ikete ryo gutanga imihoho mu kibanza ciwe yongera kandi asaba imbabazi umushikiranganji wa mbere hamwe na Reta yose y’igihugu c’Ubwongereza kubona atakoze ibikorwa vyiwe nkuko vyategerezwa.

Mw’ikete yanditse ryo gutanga imihoho yagize ati : « Nakoze ivyo nategerezwa nibaza ko ndi mu nzira nziza ariko ntivyaciye mu muco nkuko navyipfuza ».

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza Theresa May yemeye ko Patel atanga imihoho, mu kumwishura mw’ikete yamubwiye ati : »Ibihugu vy’Ubwongereza na Israel bizoguma bifitaniye imigenderanire y’ubucuti bwa hafi ariko bitegerezwa guca mu nzira zizwi zemewe n’amategeko. »

Tubibutseko uyo mushikiranganji atanze imihoho agira kabiri mu ndwi imwe mu reta ya Theresa May inyuma yaho umushikiranganji wo kwivuna abansi Michael Fallon atanze imihoho yagirijwe guhohotera abantu bifatiye ku gitsina.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s