RDC : Abantu 33 bapfuye bahitanywe n’isanganya rya gari ya moshi

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Radiyo Okapi y’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko iyo gari ya moshi yatse umuriro, wongerekanye kuko yari itwaye imizigo irimwo ibidandazwa bishobora gufatwa n’ingoga n’umuriro.

Iyo gariyamoshi yarivuye mu gisagara ca Lubumbashi, igisagara ca kabiri kinini, igenda Luena ku birometero 2000 uvuye ku mugwa mukuru wa Kongo Iharanira Intwaro Rusangi Kinshasa.

Umukuru w’intara Richard Muyej yamenyesheje ko hari impanuka yabaye ariko ntiyashoboye kwemeza ko hari abantu bapfuye.

Publicités