UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO YO KUWA 15/11 NA 18/11/2017
Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose n’uBurundi bushasha bw‘ isezerano
I. Urufatiro :Ihane Yesu araza vuba /kwezwa
II. Inyigisho zo gutanga: kuba mubuzima bwejejwe kuko inzamba iri hafi.
– Inzamba nkubu yovuga yosanga umeze gute?
– Ivangure n’inkozi zibibi(guharura 22:9)
– Imana ije guhana abanyavyaha(kuvayo 32:32-33)
– Imana yashavujwe nivyaha bikoregwa kwisi mu gihugu no mw’ishengero none iraje guhana no guhora (yesaya 26:21)
■ Indirimbo: cantique 36;91;84;16
III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:
1. Abantu benshi bataye Imana bakishimira ivyubahiro imikogote; ibiheko …….(zaburi 20:7-8)
2. Ivyaha vyabaye vyinshi: ubusambanyi; ikinyoma ;ubwicanyi ; n’ibindi butumye imana itagiye kuvyihanganira. IV. ICO USABWA KUGITI CAWE 1. Icigwa ni ukwizera Imana mubibazo no muntambara iraheza ikakugwanira 2 NGoma 20:17-22
3. Menya ko benshi bahemuka/bakora icaha kubera ubwoba bw’ejo hazoza ariko vyose ni ubusa ivyo bigutera guhemuka upfuye vyogenda gute ?: ivyakozwe 5:1-11
IV. IMITWARO
1.Gusengera ihanga n’abarigize bose ;gushika kubagwaye, impfuvyi, abapfunzwe; impunzi n’abapfakazi
2. Gusenga bifatanije no kwisonzesha nkuko ubirongogwamwo muburyo budasanzwe mwiyimisi twinginga Imana ngo ibane natwe murugendo turimwo.
Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri .
Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 14/11/2017