« Abarundi bagiye kubona indemesho y’Imana » – Petero NKURUNZIZA

Abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, duhereye ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bitavye igisabisho c’ugusenga hamwe n’ugusangira icayi, igisabisho « Breakfast prayer » catunganijwe n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Ico gisabisho catunganijwe ku civugo : « Tugire ihinduka dukeneye kubona. » Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abarongoye Uburundi mu nzego zitandukanye ko bogira ihinduka muvyo bakora, bahinduke babe abatanga iterambere, amahoro, urukundo, amahoro hamwe n’umunezero.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye abari aho ko ashima ko Uburundi buri mu mahoro n’umutekano mu mpande zose, ahamagarira Abarundi kubandanya kwisonzesha iminsi yose ya kane, nk’uko yabisavye mu gikorane giheruka kubera mu ntara ya Gitega.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabwiye abari aho ko muri uku kwezi kwezi, Abarundi bagiye kubona hamwe n’ukwakira indemesho y’Imana.

« Imana irakunda Uburundi cane, muve ngaha muremye kubw’aya masengesho y’uno munsi. Uku kwezi tugiye kwinjira mu bindi bintu bidasanzwe aho Abarundi bagiye kubona n’ukwakira indemesho y’Imana. Imana yo mw’ijuru niyo cabona.

Ico gisabisho kibaye ku ncuro ya cumi na kabiri, kikaba cabareye mu gisagara ca Bujumbura.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s