Zimbabwe: Igisirikare c’igihugu kiragabisha umugambwe uri kubutegetsi ZANU-PF kwirinda indyane.

General Constantino Chiwenga yasavye ko ibikorwa vyo kwirukana intwari z’ukwikukira bihagarara

Umwe mu bagaba b’igisirikare bakomeye muri Zimbabwe yagabishije ko igisirikare kizovyinjiramwo, nihaduka indyane mu mugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi.

Mw’ijambo yashikirije ku buryo busasanzwe, General Constantino Chiwenga yasavye ko hahagarikwa ubu nyene ibikorwa vyo kwirukana mu mugambwe intwari zarwaniye ukwikukira.

Ibi abivuze nyuma y’iminsi mikeyi umukuru w’igihugu Robert Mugabe yirukanye umugabo vyibazwa ko ari we yari kuzomusubirira, uwo nawe aka ari icegera ciwe, Emmerson Mnangagwa.

Grace Mugabe yizera gusubirira ku butegetsi umugabo wiwe Robert w’imyaka 93

Iyirukanwa ryiwe risa n’iryugururiye inzira umugore w’umukuru w’igihugu, Grace Mugabe, yo gusubirira ku butegetsi umugabo wiwe w’imyaka mirongo icenda n’itatu.

Kuri ubu bwana Mangagwa abarizwa mu buhungiro hanze ya Zimbabwe.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s