Zimbabwe: Zuma asaba leta n’igisirikare kwumvikana

Perezida Jacob Zuma wa Afrika Yepfo

Perezida Jacob Zuma wa Afrika Yepfo yasavye leta ya Zimbabwe n’igisirikare kurondera inyishu y’uruhagarara rwa politike ruri mu gihugu mu mwumvikano.

Bwana Zuma yavuze ko umuryango w’ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika « Southern African Development Community » witeguriye gufasha.

Ubushinwa, igihugu ca mbere gicuditse na Zimbabwe mu vy’ubudandaji, buvuga ko bukurikiranira hafi ibiriko birabera i Harare kandi ko bwizeye ko imigwi yose ishobora gutora mu buryo bubereye inyishu y’ibibazo biri mu gihugu.

Ubuserukizi bwa Leta Zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ubw’Ubwongereza basavye abenegihugu babo kuguma mu nzu kugeza igihe ibintu bizoba bidadanutse.

(Ubuserukizi bwa Amerika bwasavye abakozi babwo kuguma imuhira kubera uruhagarara rwa politike atawuzi ico rwovyara ruri muri Zimbabwe.)

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s