Ihanga ry’Uhoraho Imana Abisezerano rirabukije umutumiro w’amasengesho y’ejo aho bukera yo gusengera uburundi.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABARUNDI YO GUSENGERA UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA 29/11 NA 2/12/2017

Turabaramukije Amahoro y’Umwami wacu Yesu Kristo tuti Shalom! Nkuko Uhoraho Imana yabitugeze, tuarabatumiriye amasengesho yo ku minsi ya (Mercredi na Samedi) aho twama dusengera abarundi bose n’uBurundi bushasha bw’isezerano

I. URUFATIRO: Imana yadusezeraniye

-Igihugu kirangwamwo amategeko ( Nta muntu n’umwe azoba hejuru y’amategeko),

-Igihugu kiranwamwo kwubahiriza agateka ka zina muntu kuri bose ( umuntu wese azoshikiriza ico yipfuza, anashikirizwe amabanga ata nkunzi)

-Igihugu kirangwamwo ubutungane, Amahoro n’iterambere kuri bose kizira amacakubiri y’ubwoko, intara, amadini, imigambwe n’imiryango.

Ngubwo Uburundi Bushasha bw’Isezerano dusengera.

II. INYIGISHO:

– Mwige kwihereza no kwitangira mutitiziganya Umwami wacu Yesu Kristo. (1 Timoteyo6:11-16 na 6:20-21)

– Musemerere abantu bahunge inyigisho z’ibinyoma, ukwipfuza kw’umubiri, ugukunda amaronko n’ivyiyumviro nsazi.

– Muhamagarire abantu kuba abagororotsi, abizigigwa, abihangana, abanyarukundo, abafise ubwitonzi no gukunda Imana.

– Ni mube abarwanira ukuri guhoraho, umuco uhoraho no kwama mu buntu n’ubwiza bw’Imana. (Abayefeso 6:10-13)

★ :indirimbo :

– 271: Aho tuzokwumvizamba z’Umwami wacu Yesu.

-242: Nzama nsaba Mpwemu Yera ngo angendere imbere.

-201: Ni muvyuke kurwana mwa ntore z’Umwami.

-183: Ngend’ahabona mu nzira yose.

-31: Murokozi uhimbabazi umutima ukugomba.

III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:

1. Ibihe vyo gutabagwa biriko biregereza, mugabo hariho benshi bariko barasamaza n’amajambo y’imburakimazi co kimwe n’ubugaragwa barimwo.

IV. IMITWARO

1.Gusengera abakozi b’Imana bari mu mirimo itandukanye, umurongozi w’Ihanga ry’Imana ABISEZERANO n’abamwungirije bose kugira ngo bakomeze kuyobogwa n’Uhoraho Imana yacu, kugira uburundi bwogorore.

2 .Gusengera uburinzi kub’abavugabutumwa, abaririmvyi, abadiyakoni, n’abavugishwa bari mu ngendo z’ibikogwa vy’Imana bitandukanye.

3. Gusengera abakitswe n’amagara, abari mu kigoyi, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi.

Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri . Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 27/11/2017.

http://www.abisezerano.com

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s