Koreya yepfo: abantu 13 bahitanywe n’isanganya ry’ubwato

Iyi mpanuka yabereye hafi y’umuji urimo icambu wa Incheon.

Abashinzwe kurinda inkombe za Korea yepfo baravuga ko abantu 13 bahitanywe n’impanuka y’ubwato buroba bwagonganye n’ubwato butwara peteroli.

Igikorwa c’ubutabazi kirakomeza mu gushakisha umusare mukuru w’ubwo bwato n’uwundi muntu umwe kugeza ubu baburiwe irengero mu burengerazuba bw’ico gihugu.

Abari mu bwato butwara peteroli bo ntaco babaye.

Publicités