Mali : umukuru w’igihugu yavuguruje Ubufaransa ku gitero ku ntagondwa

Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa na Ibrahim Keita wa Mali.

Perezida wa Mali yavuguruje ivyavuzwe n’Ubufaransa ku gitero cagabwe mu majaruguru y’igihugu ciewe kigahitana abantu 15.

Ibrahim Boubakar Keita yabwiye ikinyamakuru Jeune Afrique ko benshi mu baguye muri ico gitero ari abasirikare ba Mali bari barafashwe nki ingwati n’abarwanyi bagendera ku matwara akaze y’idini ya Islamu.

Ubufaransa bwari bwaravuze ko abantu baguye muri icyo gitero co mu kwezi kwa cumi ari abayoboke b’umutwe wa Ansar Dine ugendera ku matwara akaze y’idini ya Kiyisilamu.