Israel-Yorodaniya: ibintu ntibigiye kworoha hagati y’abayahudi n’abarabu, Yordaniya isaba Amerika kutemera Jerusalem nk’umugwa mukuru wa Israel

Yordaniya isaba Amerika kutemera Jerusalem nk’umugwa mukuru wa Israel

Ayman Safadi yabwiye umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire muri Amerika Rex Tillerson ko ingingo nk’iyo ishobora ishobora gutera icuka kibi mu bihugu vy’abarabu no mu ba Islam.

Hari ibivugwa ko prezida Donald Trump agiye gutangaza ko Jerusalem nk’umugwa mukuru wa Israel nk’uko yari yavyemeye mu kwiyamamaza

Jared Kushner, umukwe wa prezida Trump avuga ko ata ngingo gushika ubu irafatwa.

Ku rubuga rwa Twitter, Safadi yavuze: »Navuganye n’umunyamabanga wareta ya Amerika Rex Tillerson ivyerekeye ingaruka yo kwemeza Jerusalem nk’umugwa mukuru wa Jerusalem. Ingingo nk’iyo ishobora gutera ibibazo mu bihugu vy’abarabu no u ba Islam, hakaba imishamirano no kubangamira amahoro. »

Hari ibivugwa ko prezida Donald Trump agiye gutangaza ko Jerusalem nk’umugwa mukuru wa Israel nk’uko yari yavyemeye mu kwiyamamaza.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire muri Amerika nta co burabivugako.

Na yo prezida wa Palestine Mahmoud Abbas ariko ararondera gushigikirwa n’amakungu mu ntumbero yo kugondoza Trump ngo ntasohore itangazo nk’iryo.

Publicités