
Yeruzalemu, umuji urimwo impaka
Amahanga abandanya gusaba Perezida Trump kudafata icemezo cuko Yeruzalemu ari umurwa mukuru wa Israeli.
Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya, yavuze ko ikibazo ca Yeruzalemu ari umurongo utukura ku Abayisilamu.
Yavuze ko ikibazo ca Yeruzalemu gishobora gutuma igihugu ciwe gicana umubano na Israeli.
Mu kiganiro yagiranye na perezida Trump kuri telefone, Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa, yamusavye kudafata icemezo co kwemera yuko Yeruzalemu ari umurwa mukuru wa Israeli.
Nabil Shaath, umwe mu bategetsi bakuru b’Abanyapalestina, yavuze ko perezida Trump niyafata ico cemezo, bizohungabanya inzira zose zotuma Amerika iba umuhuza adahengamye mu mugambi w’amahoro wo mu burasirzuba bwo hagati.