Ikiziga c’umwigeme yahora aba mu Kibenga catowe i Bururi

Josiane NIKUNDANA yahora aba kwa musaza we muri zone Kibenga igisagara ca Bujumbura yaburiwe irengero kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017. Kuva bimenyekanye ko atawuzi irengero ryiwe, ubutumwa bw’ukumurangisha bwaracishijwe ku mihora ngurukanabumenyi.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Kigarama 2017 niho abana bariko barasenya inkwi mw’ishamba ryo mu Rw’ingwe babona ikiziga ciwe. Ico kiziga catowe hafi y’aho uwo yagandaguwe avuka, muri zone Vyuya, komine Mugamba, intara ya Bururi, ahasanzwe haba n’abavyeyi biwe. Abamugandaguye ntibaramenyekana.