
Abagabo babiri bahora baba muri komine Kabezi intara ya Bujumbura bita rural bishwe n’amahiri bakubiswe n’abanyagihugu kuri uwu wa mbere bagirizwa ko ari abarozi.
Abo bagabo babiri bishwe inyuma y’aho umwe muribo yiyemereye ko ariwe yishe umuhungu wiwe amuroze, nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro.
Uwo yari yarozwe yitavye Imana ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere nyene. Uwo mugabo agira kabiri yishwe n’abanyagihugu, ni uwagirizwa ko yafadikanije n’uwo yishe umuhungu wiwe, mu kumurogo.
Abajejwe umutekano muri iyo komine ya Kabezi bavuga ko amatohoza yatanguye ku bagandaguye abo bagabo, bagasaba abanyagihugu ko bovavanura n’ingendo y’ukwihanira.