Wibuke wame ushima Uhoraho hariho benshi basezeye isi, abandi bananiriwe mu rugendo ntibashikira 2018.

🌈UHORAHO TWARAHIMBAWE N’IVYO WADUKOREYE,KANDI TURIZEYE IMIGAMBI,UDUFITIYE🌈

ZABURI 146:1_2_3_4_5_8.

1/Mutima wanje,n’ushime UHORAHO.

2/Nzokwama nshima UHORAHO nkiriho,Nzokwama ndirimbira IMANA yanje ishimwe ngihumeka.

3/Ntimukishimire abahambaye,c ank’umwana w’umuntu n’umwe,ata co yoshobora gukiza.

4/Impwemu ziwe zimuvamwo,akisubirira mw ivu ryiwe;uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.

5/Hahirwa uwufise IMANA ya YAKOBO k’umutabazi wiwe,Akizigira UHORAHO IMANA yiwe.

8/UHORAHO ni we ahumura impumyi; UHORAHO ni we yemesha abahetamye, UHORAHO ni we akunda abagororotsi.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏