Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yavuze ko muri kino gihe « bidakenewe » ko hatunganywa leta ya bose yojamwo abo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi « Movement for Democratic Change » (MDC).
Bwana Mnangagwa — yaje ku butegetsi mu kwezi kwa 11 abushikanyweko n’igisirikare cabanje gukura Robert Mugabe — yashikirije ayo majambo avuye kuraba indongozi ya MDC, Morgan Tsvangirai.
Prezida Mnangagwa ariko ararondera gushinga leta nshasha, yova mu barongoye umugambwe ZANU-PF n’abasirikare bakuru.
Iyo leta yorongora igihugu ca Zimbabwe gushika igihe c’amatora ategekanijwe mu kwezi kw’umunani.